Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 24:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maz’ umumarayika akibangurira ukuboko i Yerusalemu ngw ahageseze, Uhoraho arīgarura abuza ivyo vyago, abarira uwo mumarayika yageseza abantu, ati Birahaye: garukana ukuboko kwawe. Kand’ uwo mumarayika w’Uhoraho yar’ ahagaze i ruhande y’imbuga ya Arawuna Umuyebusi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 24:16
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kandi Kanani ni we yakomōtsweko n’Abayebusi n’Abamori n’Abagirugashi


Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima.


Uwo musi nyene Gadi aja kuri Dawidi, aramubarira, ati Dūga wubakire Uhoraho igicaniro ku mbuga ya Arawuna Umuyebusi.


Uwo musi Dawidi aravuga, at’ Ūgomba gutera Abayebusi, n’ adūgane umugende w’amazi, abone gutera ivyo bimuga n’impumyi umutima wanje wanka. Ni co catumye bavuga, ngo Nta mpumyi cank’ ibimuga bizoshobora kwinjira mu ngoro.


Mugabo we, agenda urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araza yicara musi y’igiti c’umurotemu, yisabira gupfa, at’ Ewe Uhoraho, ivyanje ni bigarukire hano: ntabara unkūreho, kuko ntaruta ba sogokuruza.


Maze mur’ iryo joro nyene umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’ imivyimba.


kandi Kanani ni we yakomōtsweko n’Abayebusi n’Abamori n’Abagirugashi,


Maze Salomo atangura kwubaka ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu ku musozi Moriya, ah’ Uhoraho yiyerekeye se Dawidi, ari ho nyene Dawidi yashinze, ku mbuga ya Orunani Umuyebusi.


Nuk’ Uhoraho arungika umumarayika, atikiza abahizi bose n’abakuru n’ abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, aho bari bashagaje. Nuk’ uwo mwami asubira mu gihugu ciwe amāramāye. Maz’ ashitse mu ngoro y’ikigirwamana ciwe, abo yivyariye bahamwicishiriza inkota.


Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Kand’ azokwirimbūra ku vyo agirira abasavyi biwe.


Inzira yabo ibe umwiza n’ ubunyerere, Kand’ umumarayika w’Uhoraho abahīge.


Ariko yo, kuko yuzuye imbabazi, iharira ukugabitanya kwabo, ntibahonnye, Mbere kenshi iroresha irya uburake bgayo, Ntikangure uburake bgayo bgose:


Ewe Uhoraho garuka; uzogeza ryari? Ni wīrīmbūre ku vy’ugirira abasavyi bawe.


Ayo maraso azobabera ikimenyetso ku mazu murimwo: nanje aho nzobona ayo maraso, nzobarengana, nta cago kizobazako ngo kibarandure, igihe nzotera igihugu ca Egiputa.


Kuk’ Uhoraho azohaca, azanywe no kwica Abanyegiputa: kand’ ah’ azobona ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, Uhoraho azorengana iyo nzu, ntazokundira umuranduzi kwinjira mu nzu zanyu ngw abice.


Nuk’ Uhoraho arīgarura, areka ivyo vyago yari yavuze gutēza abantu biwe.


Munyingingire Uhoraho, kukw iyi mituragaro iteye ubgoba n’uru rubura bimpotoye; nanje ndabarekura, mugende, ntimuzokwongera kugumizwa ino.


Hamwe wabirukana wabahannye ibitarenze urugero; ku musi w’umuyaga uva i burasirazuba wabavumbuje inkūbi y’umuyaga.


Kuko ntotongana ibihe vyose, kandi sinokwama ndatse: kukw imitima n’ubugingo naremye vyodendebukirirwa imbere yanje.


Mbega Hezekiya umwami w’i Buyuda n’Abayuda bose mugira ngo bāramwishe? Hezekiya ntiyaciye atinya Uhoraho, akamukomera ibobo, Uhoraho na we akīgarura akareka ivyago yari yabageneye? Twogira ico tumugira twoba dukwegeye ubugingo bgacu ivyago bihambaye.


ati Ni mwakomeza kuguma mur’ iki gihugu, azobubaka, ntazobasambura; azobatēragira, ntazobarandura: ngo Kuko yigaruye mu vyago yabateje.


Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati Ntibikibayeho; ni k’Uhoraho yavuze.


Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati N’ivyo nyene ntibikibayeho; ni k’Umwami Uhoraho yavuze.


Uhoraho, numvise inkuru zawe, nabonye igikorwa cawe: Ewe Uhoraho, hēmbūra ico gikorwa cawe hagati mur’ iyi myaka, Hagati mur’ iyi myaka ukimenyekanishe; Mu burake wame wibuka kugira akagongwe.


Umufilisitiya nzomuhanagura amaraso mu kanwa, ndamukūre n’ibizira mu menyo; na we azoba indokorano ku Mana yacu, abe nk’umutware w’i Buyuda, kand’ uwo muri Ekuroni azoba nk’Umuyebusi.


Agaruka ubugira gatatu, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke: biraheze. Igihe kirashitse; rāba Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha.


Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.


Kandi ntimukidodombe, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bidodomvye, bakamarwa n’umuranduzi.


Ico gihano abenshi bāmuhannye, kiramaze k’ūmeze artyo,


Arikw Abayebusi bo, ari bo bāba i Yerusalemu, Abayuda ntibāshoboye kubirukana; ariko bībēra i Yerusalemu mu Bayuda gushitsa n’ubu.


Arikw Ababenyamini ntibirukanye Abayebusi bāba i Yerusalemu; nukw Abayebusi babana n’Ababenyamini i Yerusalemu gushitsa na bugingo n’ubu.


Kandi bāshitse hafi y’i Yebusi buriko buragoroba. Wa muntu abgira shebuja, at’ Enda ngo dukevye, twāke indāro muri kirya gisagara c’Abayebusi.


riti Ndicujije icatumye nimika Sauli; kuko yamvuyeko, akanka gukora ivyo namubariye. Maze Samweli araraka, akēsha ijoro atakambira Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ