Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 24:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni dupfume dukorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko noye gukorokera mu maboko y’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 24:14
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arasubira aramwunamira, ati Mbega jewe umusavyi wawe, n’ inda n’indesho, nar’ iki k’undoreshako n’ijisho, kandi nd’ imbga ipfuye?


Maz’ umusuku w’uwo muntu w’Imana, avyutse kare mu gatondo abona ingabo ziri kumwe n’amafarasi n’imikogote bajiguje ico gisagara. Uwo musuku abarira shebuja, ati Biracitse databuja! None tugira dute?


Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni mpfume nkorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi cane; ariko noye gukorokera mu maboko y’ abantu.


Uhoraho, imbabazi zawe zirakomeye, Ungire muzima, nk’ukw imanza zawe zashinze.


Ariko guharirwa kubonerwa kuri wewe Kugira ngo wubahwe.


Yemwe Bisirayeli, ni mwizigire Uhoraho, Kukw imbabazi zibonerwa k’Uhoraho, Kandi kuri we ni ho habonerwa gucungurwa kwinshi.


Uhoraho agirira neza bose, Imbabazi ziwe ziri ku vyo yaremye vyose.


Ngirira ikigongwe Mana, kubg’ imbabazi zawe: Kubg’ isinzi ry’imbabazi zawe usibanganye ibicumuro vyanje.


Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.


Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.


Umuntu agororotse ababara igitungwa ciwe, Arik’ umutima w’abanyakibi n’inkazi.


Nari narakiye abantu banje, mpindura igihumane ishamvu yanje, ndabakugomorera; nawe nta kagongwe wabagiriye, abatāma wabatwaje amanyama birengeje.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


Ariko weho nzokurokora kur’ uwo musi, ni jewe Uhoraho mbivuze: kandi ntuzotangwa mu maboko y’abo utinya.


N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera:


Umwami Imana yacu ni we afise imbabazi no guharira ivyaha, naho twamugararije,


Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe; uzosiribangira ibigabitanyo vyacu musi y’ ibirenge vyawe: kand’ uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga.


Kandi nshavuriye cane amahanga yidibamiye, kuko Yerusalemu nari mpashavuriye buhoro, maze bo bakahasonga.


Umushaha wanje urahagaze: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike mur’ iki gihe.


Ndazazaniwe mur’ ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kukw ari co kirushirije cane:


Maz’ Abisirayeli babonye ko babuze epfo na ruguru, kuko bāri mu karindiro, baja kwinyegeza mu masenga no mu bisaka no mu bitandara no mu bihuma no mu vyobo vyimbiwe kubīka amazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ