Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 24:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nuko Gadi aja kwa Dawidi arabimubgira; aravuga, ati Ngo Mbega hatere inzara mu gihugu cawe, imare imyaka itatu, canke ng’ Uhīgwe n’abansi kumara amezi atatu, canke ngo Hatere ikīza mu gihugu cawe, kimare imisi itatu? Ni wiyumvire rero, uvuge ico nja kwishura Iyantumye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 24:13
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku ngoma ya Dawidi hatera inzara, imara imyaka itatu ikurikiranye; maze Dawidi aja kubisiguza Uhoraho. Uhoraho arishura, ati Vyātewe n’ubgicanyi bga Sauli n’inzu yiwe, kuko yishe ab’i Gibeyoni.


riti Genda ubarire Dawidi, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ut’ Agushize imbere ibihano bitatu; uti Hitamwo kimwe muri vyo; ut’ Abe ari co aguhanisha.


Kandi Elisa yari yarabariye wa mugore yazurira umwana, at’ Enda genda, mwe n’abo mu rugo rwawe, urondere ah’ usuhukira, kuk’ Uhoraho arekuye inzara, kand’ izomara imyaka ndwi mu gihugu.


ar’ imyaka itatu y’ inzara, cank’ amezi atatu yo kugesezwa n’abansi banyu, inkota yabo ikabashikako, cank’ imisi itatu mutewe n’inkota y’Uhoraho, ari yo kīza kizoba giteye mu gihugu, umumarayika w’Uhoraho akagenda ageseza hose mu gihugu c’i Bgisirayeli. None rero vuga ico nja kwishura Iyantumye.


Canke n’ikīza kigendagendera mu mwiza, Canke n’agatikizo kayogeza mu mashōka.


Uhoraho yononye uruzi, hashira imisi ndwi.


riti Mwana w’umuntu, igihugu ni cakora icaha kikancumurako, nanje nkagishingiriza ukuboko kwanje, nkavuna inkoni yaco cishimikije, ni yo mutsima waco, nkakirekuriramw’ inzara, nkakiranduramw’ abantu n’ibitungano,


Amaboko yanyu azopfa ubusa, n’igihugu canyu ntikizoruha cera, kandi n’ibiti vyo muri co ngo bigire ico vyama.


Kandi nzobatērēra inkota, ibahōre kuva mw isezerano ryanje; na ho ni mwirundaniriza mu bisagara vyanyu, nzobatērēra ikīza; kandi muzotangwa mu maboko y’abansi.


Ariko ndababgire ukuri, Hārih’ abapfakazi benshi mu Bisirayeli mu gihe ca Eliya, hamwe ijuru ryakingwa, imvura igatara imyaka itatu n’amezi atandatu, ikigoyi cinshi kigatera mu gihugu cose;


Uhoraho azobatērēra ibizotuma mugenda mukōnyēra bo no kurwara inyonko n’ibivyimba birurumba, n’indugumba n’ikigatwa n’ukurumvya n’ururyi rw’agahezambuto: bizobakurikirana gushitsa muhonnye.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


Uhoraho azobatērēra ibihute nk’ivyo yatērereye Abanyegiputa, no gusiduka amagara, n’urukemba n’ amahere, ivyo mutazoshobora kuvūrwa.


Uhoraho azobatērēra ibihute bibi mu mavi no ku maguru, mudashobora kuvūrwa; mber’ azobibatēza bihēre mu bgoro bg’ikirenge bigeze mu gitwariro.


Bazota hagati ibisagara vyanyu vyose, bavyugarize, gushitsa ah’ inzitiro zanyu ndende zikomeye muzoba mwizigiye, zizohomvagurirwa mu gihugu canyu cose; mbere bazokwugariza ibisagara vyanyu vyose vyo mu gihugu canyu cose Uhoraho Imana yanyu yabahaye.


None rer’ ubimenye, wiyumvire ico wokora, kuko hagiye kuba ivyago kuri databuja no ku rugo rwiwe rwose, kand’ ar’ umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ