Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 24:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 riti Genda ubarire Dawidi, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ut’ Agushize imbere ibihano bitatu; uti Hitamwo kimwe muri vyo; ut’ Abe ari co aguhanisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 24:12
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko kuko wahaye abansi b’Uhoraho urwitwazo rukomeye rwo kumurogotako kubg’ ico wakoze, wa mwana wavyara ntakabuza azopfa.


Bukeye mu gatondo, Dawidi avyukurutse, ijambo ry’Uhoraho riza kuri Gadi, uwavugishwa na we, ari we kamenyi wa Dawidi,


Nuko Gadi aja kwa Dawidi arabimubgira; aravuga, ati Ngo Mbega hatere inzara mu gihugu cawe, imare imyaka itatu, canke ng’ Uhīgwe n’abansi kumara amezi atatu, canke ngo Hatere ikīza mu gihugu cawe, kimare imisi itatu? Ni wiyumvire rero, uvuge ico nja kwishura Iyantumye.


Yowabu umwana wa Seruwiya atangura guharūra ariko ntiyarangiza; ukwo guharūrwa kwatumye Abisirayeli barakirwa, ni co catumye igitigiri cabo kitandikwa mu gitabo c’ivyo ku ngoma y’umwami Dawidi.


Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we ahana, Nk’uko se w’umwana nyene ahana umwana wiwe anezererwa.


Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


ari kwo kwatumye nanje nnyuranya na bo, nkabahindira mu gihugu c’abansi babo; kandi ni bicisha bugufi ico gihe mu mitima yabo imeze nk’imibiri itakebge, bakarīmbūka, bakemera yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo;


Mber’ ico gihugu bazoba barakivuyemwo, gishumbushwe ya masabato yaco, gisigare ar’ imisaka batakikibamwo; na bo bazoba barīmbūtse, bemeye yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo, kuko banse ivyagezwe vyanje, bakazinukwa amabgirizwa yanje.


Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ