Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 24:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ uburake bg’Uhoraho bgongera kuziriringira Abisirayeli; asunika Dawidi ngw abakwegere, ati Genda uharūre Abisirayeli n’Abayuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 24:1
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None ntimubabare ngo mwirakire kuko mwanguze ngashōrwa ino: kukw Imana ari yo yatumye mbītangira imbere ngo mbe kirokora.


Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza, kugira ngw ishitse ibiriho mur’ iyi misi, ikize abantu benshi, boye gupfa.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nzokuvyurira ivyago vyanduruka mu rugo rwawe; nzokunyaga abagore bawe ubona, mbahe umubanyi wawe, aryamane na bo ku murango.


Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?


Nuk’ umwami Yehoramu ava i Samariya ico gihe, akoranya Abisirayeli bose.


Bukeye Satani ahagurukira Abisirayeli, asunika Dawidi ngw abaharūre.


Abo kuri Tola ni Uzi na Refaya na Yeriyeli na Yahumayi na Ibusamu na Shemuweli, abakuru b’amazu ya ba sekuruza bandurutse kuri Tola; bār’ abahizi mu bihe vyabo; ku ngoma ya Dawidi igitigiri cabo car’ ibihumbi mirongwibiri na bibiri n’ amajana atandatu.


Abo bose n’abo kuri Asheri, abakuru b’amazu ya ba sekuruza, abantu b’intorwa kandi b’abahizi, aba mbere mu baganwa. Kand’ igitigiri cabo uko canditswe mu gitabo kibadōndōra, bandikiwe kurwana intambara, bar’ ingabo ibihumbi mirongwibiri na bitandatu.


Ariko Hezekiya, ubuntu yagiriwe ntiyabumwishura, kuko yaciye yishira hejuru mu mutima; kubg’ ivyo uburake bg’Uhoraho buza kuri we no ku Bayuda no kuri Yerusalemu.


Ariko nzokomantaza umutima wa Farawo, mpeze ngwize ibimenyetso vyanje n’ibitangaza vyanje mu gihugu ca Egiputa.


Kandi kamenyi ni yasukwa akagira ijambo avuga, ni jewe Uhoraho nzoba ndamusutse, kandi nzomushingiriza ukuboko kwanje, ndamurandure ndamukūre hagati mu bantu banje b’Abisirayeli.


Nuko mbaha amabgirizwa ataroranye, n’ivyagezwe bitababeshaho;


Mose abarira Aroni n’abana biwe Eleyazari na Itamari, ati Ntimuhamburure imishatsi yanyu, canke ngo mutantamure impuzu zanyu, kugira ngo ntimupfe, kand’ Uhoraho ntarakire ikoraniro ryose; ariko bene wanyu, ab’ inzu yose ya Isirayeli, abe ari bo baborogeshwa n’ umuriro Uhoraho arekuye.


nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose; nukw abaharūrira mu bugaragwa bg’i Sinayi.


ngo bashitse ivy’ ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba.


Ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma:


Uburake bg’ Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’ abanyazi, barabanyaga, abatanga mu maboko y’abansi babo babakikije, bituma batagishobora guhagarara imbere y’abansi babo.


Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, akavuga, at’ Iri hanga ko ryishe isezerano ryanje nasezeranye na ba sekuruza, ntibanyumvire,


None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ