2 Samweli 23:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 Aya ni yo mazina y’abahizi Dawidi yar’ afise: Yoshebu‐bashebeti w’i Takemoni, ni we yar’ umukuru wa bamwe batatu; ni we yarāgūriye icumu abantu amajana munani, bahindikiranirah’ umusi umwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ingabo z’Abisirayeli, ukw igitigiri cazo cari kiri, zāgabga n’abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza, n’abagaba ibihumbi n’abagaba amajana; zāri zifise n’abakarani babgiririza umwami mu biherereye ku vy’imbu zabo, uko zāgenda zikūrakūranwa uk’ ukwezi gutashe, kumara amezi yose yo mu mwaka; ku rubu rumwe‐rumwe rwarikw ingabo ibihumbi mirongwibiri na bine.