Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 23:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Arik’ uwoyakorako Akwiye kugira icuma n’uruti rw’icumu; Umuriro uzoyatongorera aho nyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 23:7
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nawe uzohonnya imbuto zabo mw isi, N’uruvyaro rwabo mu bana b’abantu.


Nta burake mfise. Iyaba imikere n’ amahwa vyari bimpagurukiye kuntera, nobirwanije nkabiyigiriza hamwe:


Amahanga azoturirwa nk’uko baturira ishwagara; azomera nk’igiteme c’amahwa, kigaturirirwa mu muriro.


Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Mureke bikurane vyompi gushitsa mw igenya. Maze mu gihe c’igenya nzobgira abagenyi, nti Mubanze mutororokanye urwamfu, muruhambire imikama, muruturire; arik’ uburo mubgimburire mu kigega canje.


Bazobaterera mw itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza.


Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.


Umuntu n’ataguma muri jewe atabga nk’ukw’ ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu, akuma; maze bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro, agasha.


hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


Arikw iyo zimezemw’ imikere n’ibitovu, ziba zisivye, ziba zishigaje gatoya zikavumwa, iherezo ryazo n’uguturirwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ