Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 23:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Non’ inzu yanje si kw imeze ku Mana? Kuko yasezeranye nanje isezerano ritazovaho, Ritunganye muri vyose, kandi rikomeye; Non’ agakiza kanje kose n’ ivyo nifuza vyose Ntizotuma bimera bikaba ibironge?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 23:5
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ uwo munywamazi ubaye ku gicu, nanje nzowitegereza nibuke iryo sezerano ry’intahava riri hagati yanje n’ibiri n’ubugingo bifise umubiri vyose biri kw isi.


None rero, inkota nta ho izova mu rugo rwawe, kuko wankēngereye, ugacūra muka Uriya Umuheti, ukamugira umugore wawe.


Ariko yanka kwumva ivyo amubgiye; maze kuko yamurusha inkomezi amufata ku kagōbēro, aryamana na we.


Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.


Yowabu aramwishura, ati Nta co nirirwa ndasyogoranya nawe. Araheza ajana amakobero atatu, ayamutobekeranya mu mutima, ar’ aho nyene mu mweloni akibona.


Uti Kand’ imisi yawe ni yashika, ugahamvya ba sogokuruza, ut’ Azokwimika umwana wawe wivyariye, agusubirire mu gishingo, uti Kand’ azokomeza ingoma yiwe.


Maz’ umwami Dawidi arinjira, yicara imbere y’Uhoraho, aravuga, ati Mwami Uhoraho, mbega jewe n’inda n’indesho, n’inzu yanje, nar’ iki, kubona wagiye unzigama gushitsa n’ubu?


Hanyuma Adoniya umwana wa Hagita arishira hejuru, aravuga, ati Ni jewe nzoba umwami. Yironderera imikogote n’abagendera ku mafarasi, n’abantu mirongwitanu bo kumwiruka imbere.


Ngo None rero, ni wumvira ivyo azokubarira vyose, ng’ Ukagendera mu nzira ziwe, ng’ Ugakora ivyo abona ko bibereye, ng’ Ukitondera amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, ngo Nk’uko Dawidi umusavyi wiwe yagenza, ngo Nukw azobana nawe, ngw Agushingire inzu itazovaho, nk’iyo yashingiye Dawidi, ngo Kand’ azoguha Abisirayeli.


ababarira nk’ ukw inama ya ya misore iri, ati Data yabatwaje igitugu, ariko jeho nzorushiriza; data yabakubitisha ibimoko, ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.


Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.


Umutima wanje udendebuwe no kwifuza agakiza kawe: Ariko nizigira ijambo ryawe.


Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.


Ni yo gitandara canje yonyene n’agakiza kanje, N’igihome kirekire kinkīngira: sinzosegenyeshwa cane.


Nasezeranye isezerano n’uwo natoranije, Narahiye Dawidi umusavyi wanje,


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Mu misi izoza Yakobo azoshinga imizi, Isirayeli apfundike, ashurike: azokwama, yuzuze isi yose.


Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate.


Kukw imisozi izovaho, n’uturambi tuzokūrwaho, arik’ ubuntu bganje ntibuzokuvako, kandi n’isezerano ry’amahoro nagusezeraniye ntirizokūrwaho, ni jewe Uhoraho nkugirira ikigongwe mbivuze.


Mutege amatwi, muze kuri jewe; munyumve, ni ho ubugingo bganyu buzobaho; nanje nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe zitazovaho.


Kuko jewe Uhoraho nkunda ibiroranye, nanka ubgambuzi n’ibigabitanyo; kandi nzobashumbusha ibikwiranye n’ukuri kwanje, nzosezerana namwe isezerano ritazoshira.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Kandi nzosezerana na bo isezerano ritazoshira, yuko ntazorora irya ngo mbahebe, ndeke kubagirira neza; kandi mu mitima yabo nzohashira kunyubaha, na bo boye kumvako.


ni ho n’isezerano ryanje nasezeranye na Dawidi umusavyi wanje ryohindurwa, akabura umwana wo kumusubirira ku ngoma; bo n’iryo nasezeranye n’ Abalewi, abaherezi banje bankorera.


Kand’ ikigeretseko, nzosezerana na bo isezerano ry’amahoro, ribabere isezerano ritazoshira. Nzohabegurira ndabagwize, kand’ ahēra hanje nzohashinga hagati yabo gushitsa ibihe bidashira.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Kandi kuko yamuzuye mu bapfuye atazosubira mw iborero, yavuze irtya, iti Nzobaha imigisha yera ya Dawidi itazovaho.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane,


Maze ngw Azokwihagurukiriza umuherezi w’umwizigirwa, umuntu azokora nk’ivyari mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe; ngo Kand’ azomwubakira inzu izokwamaho; na we azogendanira uwo yimikishije amavuta ibihe vyose.


Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ