Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 23:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Abarasira nk’umutwenzi iy’ utambitse, Nk’izuba iyo rirashe mu gatondo hatagira agacu, Ubgatsi bukamera hasi, imvura yāguye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 23:4
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe, Nk’imvura y’umuvuvu itosa isi.


Uruvyaro rwiwe ruzoramba gushitsa ibihe bidashira, Ingoma yiwe izohoraho nk’ izuba imbere yanje.


Arikw inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, Ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho yambariye, ati Nzokwinumira, nitegereze ndi mu buruhukiro bganje, mmere nk’indugumba irimw’ ibikēke iy’ izuba ryatse, mmere nk’igipfungu c’urume mu ndugumba yo mw iyimbura.


Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate.


Haguruka ukayangane, kuk’ umuco wawe ushitse, kand’ ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye.


Amahanga azoza ku muco wawe, n’abami bazoza ku gukayangana kwawe.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe.


Ukwigisha kwanje kugwe nk’ imvura, Amajambo yanje atonde nk’ ikime, Abe nk’ukw imvura y’akajogotera igwa ku rumerēra, Kandi nk’iy’ akavuvu iy’ igwa ku bgatsi.


Uhoraho we, abansi bawe bose baragapfa bartyo, Arikw abagukunda babe nk’ izuba rirashe risasitse! Maz’ igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongwine.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ