Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.
(Yayiri umwuzukuruza wa Manase ni we yanesheje iyo ntāra yose yo muri Arugobu, ari ho i Bashani, gushitsa ku rubibe rw’Abageshuri n’ Abanyamayaka: ibisagara vyaho avyitiranya n’izina ryiwe, avyita Havoti‐yayiri, nk’uko bicitwa na bugingo n’ubu.)
Maze Dawidi abaza Ahimeleki Umuheti na Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, ati Ni nde yomanukana nanje aho Sauli ashagaje? Abishayi aramwishura, ati Jewe turajana.