Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 23:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Imana y’Abisirayeli yaravuze, Igitandara c’Abisirayeli yarambgiye, It’ Ūganza abantu mu bugororotsi, Agatwara yubaha Imana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 23:3
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yubakay’ igicaniro, acita El‐elohe‐Isirayeli.


Ni nde Mana, atar’ Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’ Imana yacu?


Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.


Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yagushimye akagushira ku ngoma mu Bisirayeli. Kuk’ Uhoraho yakunze Abisirayeli uhereye kera hose, ni co catumye akwimika, kugira ng’uce izibereye n’iziroranye.


Kand’ uhereye umusi umwami Aritazeruzi yangize icēgēra ciwe mu gihugu c’i Buyuda, kuva ku mwaka ugira mirongwibiri kugeza ku mwaka ugira mirongwitatu n’ibiri ari ku ngoma, ukw ar’ imyaka cumi n’ibiri, ari jewe ari bene wacu, nta ho twigeze dutungwa n’amarari yagerewe icēgēra c’umwami.


Mbeg’ uwanka guca iziroranye yoshobora kuganza? Mbega wotsindisha Īgororotse ari yo Nyenkomezi?


Uhoraho ar’ i Siyoni azoshingiriza kure inkoni y’ ububasha bgawe: Ganza hagati y’abansi bawe.


Nzobaza Imana, igitandara canje, nti N’iki gitumye unyibagira? N’iki gituma ngenda ngandaye kubg’ agahahazo k’ abansi banje?


Mana, uhe umwami uguca imanza kwawe, Uhe umwana w’umwami ukuroranya kwawe.


Azocira abantu bawe iziroranye, N’abagorwa bawe abacire iz’ ukuri.


Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Teranura akanwa, uce izibereye, Ucire imanza impahazwa n’ umugorwa.


Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa bazotwaza imanza ziroranye.


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Ariko, ivy’ Umwana wayo yabivuze, it’ Ingoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’icumu ry’ūganza atunganye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ