Heludayi w’i Netofati wo mu ba Otiniyeli ni we yar’ umugabisha agira icumi na kabiri wo mu kwezi kw’icumi na kabiri; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine nyene.
baza kuri Gedaliya i Mizipa. Ni bo aba: Ishimayeli mwene Netaniya, na Yohanani na Yonatani bene Kareya, na Seraya mwene Tanehumeti, na bene Efayi w’i Netofati, na Yezaniya umwana w’Umunyamayakati, bo n’ingabo zabo.
na Sela na Elefu na Yebusi (ari ho Yerusalemu) na Gibeyati na Kiriyati: ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bine, bifise imihana ibikūkira. Iyo ni yo shamvu y’Ababenyamini, nk’ukw amazu yabo ari.
Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.