Aravuga, ati Mana yanje, ntibikabeho ko nokora ntyo! Ndābe nnywe amaraso y’aba bantu bahevye amagara yabo? Kuko mu kuyazana bahevye amagara yabo. Ni co catumye yanka kuyanywa. Ivyo ni vyo vyakozwe na ba bandi batatu b’abahizi.
Abiyezeri w’i Anatoti wo mu Babenyamini ni we yar’ umugabisha agira icenda wo mu kwezi kw’icenda; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.