Yowabu umwana wa Seruwiya na we, n’abantu ba Dawidi, baragenda bahūrira na bo ku kidengeri c’i Gibeyoni; nuko baricara, bamwe hakurya y’ ico kidengeri, abandi hakuno.
Asaheli murumuna wa Yowabu ni we yar’ umugabisha agira kane wo mu kwezi kwa kane; Zebadiya umuhungu wiwe ni we yamusubiriye mu gishingo; ingabo zu ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.