23 Yaravugangwa mur’ abo mirongwitatu nyene, ariko ntiyashikīra ba bandi batatu ba mbere. Maze Dawidi amugira umukuru w’abashibamyi biwe.
Kandi Yowabu yar’ umugabisha w’ingabo zose z’Abisirayeli; Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti;
Ivyo ni vyo Benaya mwene Yehoyada yakoze, aronka izina rya rurangiranwa muri ba bahizi mirongwitatu.
Asaheli murumuna wa Yowabu yar’ umwe muri bamwe mirongwitatu, hamwe na Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu,
Kand’ umwami Dawidi yari yarasahuye imiringa myinshi cane mu bisagara vya Hadadezeri, ic’ i Beta n’ic’ i Berotayi.
Benaya uwo yar’ umwe muri ba bahizi mirongwitatu, kandi yar’ umukuru wabo; kandi Amizabadu umuhungu wiwe, kur’ urwo rubu rwiwe na we yarimwo.
Nah’ umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bomunanira, kand’ igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.
Ahimeleki yishura umwami, ati Mbega none mu basavyi bawe bose har’ uwoba umwizigirwa nka Dawidi umukwe w’ umwami, ari we aganza abagushibamira, akaba umunyacubahiro mu rugo rwawe?