22 Ivyo ni vyo Benaya mwene Yehoyada yakoze, aronka izina rya rurangiranwa muri ba bahizi mirongwitatu.
Nukw ingabo za Yowabu n’ Abakereti n’Abapeleti n’abahizi bose bakurikira Abishayi; bava i Yerusalemu baja guhīga Sheba mwene Bikuri.
Kandi na Benaya mwene Yehoyada, umuntu w’umuhizi w’i Kabuseli, na we yari yarakoze ivy’ ubutōre; ni we yishe bene Ariyeli w’i Mowabu bompi; kandi yaramanutse yicira intambge mw isenga, ku musi shelegi yar’ iguye.
Yishe n’Umunyegiputa mwiza w’akaranga; uwo Munyegiputa yar’ afise icumu mu minwe, ariko we amanuka iy’ ari atwaye ubuhiri; amushikura iryo cumu, ararimwicisha.
Yaravugangwa mur’ abo mirongwitatu nyene, ariko ntiyashikīra ba bandi batatu ba mbere. Maze Dawidi amugira umukuru w’abashibamyi biwe.
Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abakuru b’igihugu.