2 Ati Mpwemu w’Uhoraho yavugiye muri jewe, Ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.
None rer’ amaso y’Abisirayeli bose bayahanze wewe, mwami wanje nyen’ ingoma, kugira ng’ ubamenyeshe ūzosubira ku ngoma yawe ni watanga.
Na we arababaza, ati None Dawidi mu vya Mpwemu yamwitiye iki Umwami?
Dawidi ubgiwe yavugishijwe na Mpwemu Yera, aravuga, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe.
kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.