Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 23:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 23:18
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Izindi ngabo zose aziha murumuna we Abishayi ngw azigabishe, na we azitondesha urugamba ruhangana n’Abamoni.


Maz’ Abamoni babonye Abasiriya bahunze, na bo bahunga Abishayi, bīsuka mu gisagara. Nuko Yowabu araheza areka Abamoni, asubira i Yerusalemu.


Dawidi araheza agabanya ingabo mu mice itatu, umuce umwe awuha Yowabu, uwundi awuha Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, uwundi awuha Itayi Umunyegati. Maz’ umwami abarira ingabo, ati Nanje ubganje turatabarana.


Kand’ abana ba Seruwiya ukw ari batatu, Yowabu na Abishayi na Asaheli, ni ho bāri; kandi Asaheli yar’ impayamaguru nk’ingeregere yo mw ishamba.


Ariko Amasa ntiyagira ico yibaza ku nkota Yowabu yar’ afise mu ntoke; nuko Yowabu ayimuzibura ku nda, amara yiwe asēseka hasi, ntiyarinda kugereka ubga kabiri; nukw arapfa. Maze Yowabu na Abishayi murumuna we bakomeza guhīga Sheba mwene Bikuri.


Yaravugangwa mur’ abo mirongwitatu nyene, bituma agirwa umukuru wabo. Ariko rero ntiyashikīra ba bandi batatu ba mbere.


Uko ni ko Yowabu na Abishayi murumuna we bishe Abuneri, kuko yari yatsinze murumuna wabo mu ntambara y’i Gibeyoni.


kandi bashiki babo ni Seruwiya na Abigayili. Abana ba Seruwiya ni Abishayi na Yowabu na Asaheli, ukw ari batatu.


Nah’ umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bomunanira, kand’ igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ