Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 23:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Aravuga, at’ Ewe Uhoraho, biragahera ko nokora ntyo! Ndābe nnywe amaraso y’abantu bahevye amagara yabo? Ni co catumye yanka kuyanywa. Ivyo ni vyo vyakozwe na ba bandi batatu b’ abahizi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 23:17
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramwishura, ati Biragahera ko nokora ntyo! Uwo igikombe kibonetseko ni we azoba umuja wanje; ariko mweho ni mwīgīre, mudūge kwa so amahoro.


Ariko ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo, ni bgo maraso yazo.


Yowabu aramwishura, ati Biragahera! Biragahera ko hogira ico noyongobeza canke nogeseza!


Naboti yishura Ahabu, ati N’Uhoraho ntakavyumve ko noguha ishamvu ya ba sogokuruza!


Aravuga, ati Mana yanje, ntibikabeho ko nokora ntyo! Ndābe nnywe amaraso y’aba bantu bahevye amagara yabo? Kuko mu kuyazana bahevye amagara yabo. Ni co catumye yanka kuyanywa. Ivyo ni vyo vyakozwe na ba bandi batatu b’abahizi.


Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; Kand’ amaraso yabo azoba ay’ igiciro mu nyonga ziwe.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


kukw iki ar’ amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha.


Arababarira, at’ Ico n’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi.


Abazebuloni n’abantu bahevye amagara yabo kugeza ku gupfa, N’Abanafutali ni ko bitanze ku mpinga z’imisozi.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


Uhoraho arakabishira kure yanje, ko nobangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta; ariko ni wābīre iryo cumu riri ku mutwe wiwe, n’uwo mukuza w’amazi, uze tugende.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ