Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 23:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maze ba bahizi batatu baca mu ngabo z’ Abafilisitiya, bavoma amazi mur’ iryo riba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, barayazana, bayaha Dawidi; ariko yanka kuyanywa, ayavyagiza imbere y’Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 23:16
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yakobo ashinga inkingi y’ibuye ah’avuganiye na yo: ayisukakw ishikanwa ry’ibiturire, ayisukako n’amavuta ya elayo.


Uwa kabiri kuri we muri ba bahizi batatu ni Eleyazari mwene Dodayi Umwahohi. Yari kumwe na Dawidi igihe bahangāra Abafilisitiya bari bakoraniye kubarwanya. Maz’ Abisirayeli bahunze,


Maze bamwe batatu baca mu ngabo z’ Abafilisitiya, bavoma amazi mur’ iryo riba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, barayazana, bayaha Dawidi; ariko yanka kuyanywa, ayavyagiza imbere y’Uhoraho.


Nah’ umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bomunanira, kand’ igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.


Va hasi uboroge mw ijoro, uhereye igihe amaterama atanguye; Usuke umutima wawe nk’ amazi imbere y’Umwami Imana: Tega ibiganza umusabire ubugingo bg’abana bawe, Barambitswe n’inzara mu mayirabiri yose.


Ishikanwa ry’ibiturire muzohora mushikanana n’umwana w’intama umwe‐umwe, rize ribe ikigirakane ca hini nyene; iryo shikanwa ry’ ibiturire bihiye munshikanira, muze murivyagize Ahēra.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Kw ar’ ibigoye k’umuntu apfira umugororotsi, umunyangeso nziza kumbure umuntu yotinyuka kumupfira:


Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye.


Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese:


kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?


Nuko bakoranira i Misipa, bavoma amazi, bayavyagiza imbere y’Uhoraho; uwo musi barisonzesha, baravuga, bati Twaracumuye k’Uhoraho. Maze Samweli acīrira Abisirayeli imanza aho nyene i Misipa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ