15 Dawidi yumva akumbuye amazi yaho; aravuga, at’ Icompa nkabona uwompa ku mazi y’iriba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, nkayanywa!
Nuko Rakeli arapfa, bamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.
Maze ba bahizi batatu baca mu ngabo z’ Abafilisitiya, bavoma amazi mur’ iryo riba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, barayazana, bayaha Dawidi; ariko yanka kuyanywa, ayavyagiza imbere y’Uhoraho.
Dawidi yumva akumbuye amazi yaho; aravuga, at’ Icompa nkabona uwompa ku mazi y’iriba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, nkayanywa!
Umutima wanje udendebuwe no kwifuza agakiza kawe: Ariko nizigira ijambo ryawe.
Mana, ni wewe Mana yanje; nzozinduka nkurondere. Umutima wanje ukugirira inyota, umubiri wanje ukwifuriza Mu gihugu cumye, kiruhijwe, kitagira amazi.
Impahazwa n’ abakene barondera amazi bakayabura, ururimi rwabo rukagwa umwumwa; jewe Uhoraho nzobishura, jewe Imana ya Isirayeli sinzobaheba.
Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:
Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.
arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.
Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.