Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 23:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ico gihe Dawidi yari mw isenga, kandi har’ insago z’Abafilisitiya i Betelehemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 23:14
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Rakeli arapfa, bamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.


Maz’ Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yimikishijwe amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, Abafilisitiya bose baradūga baja kumuhīga. Dawidi avyumvise aramanuka aja mw isenga.


Bukeye abo mu Babenyamini n’abo mu Bayuda baza kuri Dawidi aho yari muri rya senga.


Hanyuma urashika ku musozi w’ Imana, ahar’ iboma y’Abafilisitiya; ni washika mur’ ico gisagara, uja guhūra n’agakama k’abavugishwa n’Imana bamanuka bavuye ahēra ho ku mpinga y’umusozi, bafise amakembe n’udushāko tw’ingoma n’imyironge n’inanga bigenda biravugira imbere yabo; uja gusanga bariko baravugishwa n’Imana.


Maz’ abo mu nsago z’Abafilisitiya barunguruza, bategera hejuru ku kavōvo k’i Mikimashi.


Abisirayeli bose bumva bavuga ko Sauli yatsinze Abafilisitiya bo mur’ izo nsago, kandi kw ari bo nyene bāsomboroje Abafilisitiya. Nukw abantu bakōndōrera kuri Sauli i Gilugali.


Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.


Nuko Dawidi avayo, arahunga, aja mw isenga ry’i Adulamu. Bukeye bakuru be na bene wabo bose bavyumvise, baramanuka bamusangayo.


Nuko Dawidi aramurahira. Sauli araheza yisubirira i we, Dawidi n’ingabo ziwe baradūga baja mw isenga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ