12 Ariko we yihagararira muri wa murima, arawurwanira, yica Abafilisitiya; nuk’ Uhoraho atanga intsinzi ikomeye.
arahaguruka yica Abafilisitiya, ukuboko kwiwe kurateba kugwa ikinyānya, kwumira ku nkota. Uwo musi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye; abantu baraheza bagaruka kuri Eleyazari, bazanywe no gukoba imivyimba gusa.
Yari kumwe na Dawidi i Pasi‐damimu, igihe Abafilisitiya bakoraniyeyo babateye, barumanira ku murima wa sayiri; nukw ingabo zihunga Abafilisitiya.
Agakiza n’ak’ Uhoraho: Umugisha utanga ube ku bantu bawe. Sela.
Wasohoje amahanga ukuboko kwawe, ariko bo urahabagerēra; Wateye amoko amarushwa, uca ugasāza bano.
Ifarasi itegurirwa umusi w’ intambara, Arik’ ukunesha kuva k’Uhoraho.