Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 23:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 arahaguruka yica Abafilisitiya, ukuboko kwiwe kurateba kugwa ikinyānya, kwumira ku nkota. Uwo musi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye; abantu baraheza bagaruka kuri Eleyazari, bazanywe no gukoba imivyimba gusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 23:10
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko we yihagararira muri wa murima, arawurwanira, yica Abafilisitiya; nuk’ Uhoraho atanga intsinzi ikomeye.


Namani, umugabisha w’ingabo z’umwami w’i Siriya, yar’ atonnye kuri shebuja, kandi yar’ umunyacubahiro, kukw ari we Uhoraho yaha inganji yatuma Abasiriya banesha; yar’ umuhizi w’inkomezi, ariko yar’ umunyamibembe.


Yari kumwe na Dawidi i Pasi‐damimu, igihe Abafilisitiya bakoraniyeyo babateye, barumanira ku murima wa sayiri; nukw ingabo zihunga Abafilisitiya.


Imana izodukoresha ivy’ ubuhizi, Kukw ari yo izosiribanga abarwanizi bacu.


Ni wewe uha abami agakiza: Kiza Dawidi umusavyi wawe inkota yica.


Abami bari kumwe n’ingabo barahunga, barahunga: Umugore asigaye mu rugo ni we agabanganya iminyago.


Ni co gituma nzomugabanganya umugabane n’ abahambaye, kand’ azogabura iminyago n’abanyenkomezi; kuko yasutse ubugingo bgiwe, akageza ku gupfa, agaharūranwa n’abanyabicumuro: yamar’ ubgiwe yishizekw icaha ca benshi, kand’ asabira abanyabicumuro.


Sinzotinyuka kuvuga ikintu na kimwe atar’ ico nakoreshejwe na Kristo, kugira ngw abanyamahanga baganduke, ampaye amajambo n’ibikorwa,


Kuko tutigisha abantu ivyacu, ariko tubigisha ivya Kristo Yesu kw ari we Mwami, natwe yuko tur’ abashumba banyu kubga Yesu.


Maz’ Uhoraho abaca umuhongo imbere y’Abisirayeli, babicira i Gibeyoni, barabahindikiranya, babakinagiza inzira yose idūga ija i Beti‐horoni, babica ingenda gushitsa i Azeka n’i Makeda.


Nukw abo bami bose n’ibihugu vyabo Yosuwa yabaneshereje igihe kimwe, kuk’ Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli, ari we yabarwaniye.


Uhoraho abagabura mu maboko y’Abisirayeli, barabanesha, barabakinagiza, babashitsa ku gisagara kinini Sidoni n’i Misirefoti‐mayimu no mu kiyaya c’i Misipe ahahera i burasirazuba; barabica ntibasiga n’uwa kirazira.


Ashitse i Lehi, Abafilisitiya bamusanganiza urwamo. Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, imigozi yar’ imuboshe amaboko ihinduka nk’ubugwēgwe bufashwe n’umuriro; ivyari bimuboshe ku bikonjo biravutagurika.


Agwa umwūmwa, atakambira Uhoraho, ati Jewe umusavyi wawe ko wampaye uku kunesha gukomeye, none nicwe n’inyota, ngwe mu maboko y’ abatākebge?


Ariko Sauli aravuga, ati Nta muntu yokwicwa uyu musi, kuk’ uyu musi Uhoraho ahaye Abisirayeli intsinzi.


Uko ni k’Uhoraho yarokoye Abisirayeli uwo musi; kand’ urugamba rurinda rurenga i Beti‐aveni.


Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.


Abisirayeli baraheza bava inyuma y’ Abafilisitiya, baragaruka basahura insago zabo.


kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ