Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ isi iratigita, ihinda agashitsi, Amatanguriro y’ijuru aranyiganyiga, Atigitishwa n’uburake bgayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:8
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ uwoyakorako Akwiye kugira icuma n’uruti rw’icumu; Umuriro uzoyatongorera aho nyene.


Inkingi z’ijuru ziradegezwa, Zumizwa no gukankamira kwayo.


Maz’ isi iratigita, ihinda agashitsi, Amatanguriro y’imisozi na yo aranyiganyiga, Atigitishwa n’uburake bgayo.


Isi yahinze agashitsi, Amajuru ashongera imbere y’Imana: Sinayi uriya uhindira agashitsi imbere y’Imana, ni yo Mana y’Abisirayeli.


Imituragaro y’inkuba yawe yari mu gashururu: Imiravyo ibonesha mw isi, Isi ihinda agashitsi, iratigita.


Inzira yawe yari mu kiyaga, Inzira zawe zari mu mazi agaranzutse, Ibirenge vyawe ntivyari n’ akehe.


Imiravyo yiwe yabonesheje mw isi, Ibihugu birabibona, bihinda agashitsi.


Imisozi ishizwe mu gatengo na we, n’uturambi turashonze; isi isebagizwa imbere yiwe, isi n’abayibako bose.


Igihuzu gikingiriye ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka;


Habaho kunyiganyiga kw’isi gukomeye, kuk’ umumarayika w’Umwami Imana yar’ amanutse ava mw ijuru, araza akūra ca kibuye agitembagaje, acicarako.


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Ewe Uhoraho, igihe wava i Seyiri, Ukīsidukira uvuye mu ntāra ya Edomu, Isi yahinze agashitsi, ijuru rirajojota, Mber’ ibicu bijojota amazi;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ