7 Mu mubabaro wanje nambaje Uhoraho, Mbere natakambiye Imana yanje; Yumva ijwi ryanje iri mu ngoro yayo, Ivyo natakamvye biyishika mu matwi.
Maze batakambira Uhoraho mur’ ayo magorwa yabo, Abakiza amarushwa yabo.
Maze nambaza izina ry’Uhoraho, Nt’ Uhoraho, ndakwinginze, rokora ubugingo bganje.
Mu magorwa yanje natakambiye Uhoraho, Aranyishura.
Mu mubabaro wanje nambaje Uhoraho, Natakambiye Imana yanje; Yumva ijwi ryanje iri mu ngoro yayo, Ivyo natakambiye imbere yayo biyishika mu matwi.
Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.
Uyu mugorwa yaratakamvye, Uhoraho aramwumva, Amukiza amarushwa yiwe yose.
Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo,
Ndavuga, nti Nciwe mu nyonga zawe; Ariko nzokwongera gutumbera urusengero rwawe rwera.
Ah’ umutima wanje wiheburira muri jewe, nibutse Uhoraho, Ugusenga kwanje kwagushitseko mu rusengero rwawe rwera.
Yamar’ Uhoraho we, ari mu rusengero rwiwe rwera: isi yose n’ihwēkērere imbere yiwe.
Arushirije kwicwa n’umubabaro, ashishikara gusenga cane, icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi.
Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,
Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.