Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Umwami yimitse amugabira agakiza gakomeye, Agirira imbabazi umwami yimikishije amavuta, Ni Dawidi n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:51
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aravuga, at’ Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’umurokozi wanje,


Aya ni yo majambo ya Dawidi aheruka: At’ Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, Ni k’uwashizwe hejuru avuga, Uwo Imana ya Yakobo yimikishije amavuta, Umuririmvyi w’umuhinga w’ Abisirayeli;


Uti Kand’ inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, uti N’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.


Ni wewe uha abami agakiza: Kiza Dawidi umusavyi wawe inkota yica.


Umwami yimitse amugabira agakiza gakomeye, Agirira imbabazi umwami yimikishije amavuta, Ni Dawidi n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira.


Uhoraho we! Umwami azonezerezwa n’inkomezi zawe. Ereg’ agakiza kawe azokanezererwa cane!


Yamara wewe, Uhoraho, ur’ inkinzo inkīngira, Ur’ icubahiro canje, ni wewe ushira hejuru umutwe wanje.


Imana yimenyekanishije mu ngoro zo kuri wo kw ar’ igihome kirekire gikīngira abantu.


Nabonye Dawidi umusavyi wanje, Namurobanuje amavuta yanje yera:


Arikw imbabazi zanje no kuba umwizigirwa kwanje bizobana na we; Kand’ izina ryanje rizoshirisha hejuru ihembe ryiwe.


Azontakambira, ati Ni wewe Data, Imana yanje, igitandara c’ agakiza kanje.


Kand’ uruvyaro rwiwe nzoruha kuramba gushitsa ibihe bidashira, Bo n’ingoma yiwe nk’imisi y’ ijuru.


Uruvyaro rwiwe ruzoramba gushitsa ibihe bidashira, Ingoma yiwe izohoraho nk’ izuba imbere yanje.


Ndabgira Uhoraho, nt’ Ur’ ubuhungiro bganje n’igihome kinkīngira, Imana yanje nizigira.


ariko bazosaba jewe, Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo, uwo nzobahagurukiriza.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ