5 Imipfunda y’urupfu yaranyizingiriyeko, Isūri zo kurandura zanteye ubgoba.
Ingoyi z’urupfu zaranyizingiriyeko, Isūri zo kurandura zanteye ubgoba.
Uhoraho angerera imbabazi ziwe ku murango, No mw ijoro indirimbo yiwe yamana nanje, Ni yo nsengesha Imana y’ ubugingo bganje.
Ni ho bazokwubaha izina ry’Uhoraho, uhereye i burengerazuba, n’icubahiro ciwe uhereye iyo rirasira: kukw azoza nk’uruzi rusēnyerana, rukubebga n’impwemu z’Uhoraho.
Kuko wantereye i bgina, muri nyina mu kiyaga; umwuzure wantaye hagati; Imipfunda yawe yose n’imikuba yawe yose vyarandengeye.
Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ ubuyobe bgaho bugira bushike.
Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.
Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi bari bafise za nzavya ndwi, avugana nanje, arambgira, ati Ngwino nkwereke iteka rizocirwa maraya w’agahebuza, yicaye kw iteraniro ry’amazi menshi.
Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi.