49 Inkūra mu babisha banje: Mber’ unshira hejuru y’abampagurukira, Unkiza n’umuntu w’ikirara.
Wa Munyekushi aca ashika ubgo nyene, aravuga, ati Nkuzaniye inkuru, mwami wanje nyen’ ingoma. Uyu musi Uhoraho yashubirije mu nkōko abāri baguhagurukiye bose.
Nuko Dawidi aca atahura yuk’ Uhoraho ari we yamuteretse ngw abe umwami w’ Abisirayeli, kandi kw ashize hejuru ubgami bgiwe kubg’ abantu biwe b’Abisirayeli.
Uhoraho, nkiza abanyakibi: Undinde abantu b’ibirara.
Uhoraho, nkiza amaboko y’ abanyakibi, Undinde abantu b’ibirara: Bagabiye kuraririza ibirenge vyanje.
Inkiza ababisha banje: Mber’ unshira hejuru y’abampagurukira, Unkiza n’umuntu w’ikirara.
Ni wewe uzoduha kwirenza abansi bacu: Izina ryawe ni ryo rizoduha gusiribanga abadukūriye hasi.
Wa muhizi we, n’iki gitumye wirata inzigo? Imbabazi z’Imana zihorah’ ibihe vyose.
Imibindi yabo izosesekara amazi, Imbuto zabo zizoba ahar’ ibigera vy’amazi menshi; Umwami wabo azosumba Agagi, Ubgami bgabo buzoshirwa hejuru.
Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.