Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:48 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

48 Ni yo Mana impōra, Ikangandūrira amahanga nkayaganza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:48
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Ahimasi mwene Sadoki aravuga, ati Ndeka niruke mbarire umwami inkuru z’ingen’ Uhoraho yashubirije abansi biwe mu nkōko.


Wa Munyekushi aca ashika ubgo nyene, aravuga, ati Nkuzaniye inkuru, mwami wanje nyen’ ingoma. Uyu musi Uhoraho yashubirije mu nkōko abāri baguhagurukiye bose.


Maz’ uwo mutwe wa Ishibosheti bawushīra umwami Dawidi i Heburoni, baramubarira, bati Nguyu umutwe wa Ishibosheti umwana w’ umwansi wawe Sauli, yahora aguhīga; Uhoraho ashubirije Sauli mu nkōko, n’abana biwe, abaguhōye, mwami wacu nyen’ ingoma.


Uhoraho yabariye Umwami wanje, at’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe.


Ni we ndonkeramw’ imbabazi, kandi ni we gihome kinkīngira, Ni we munara wanje muremure, n’umurokozi wanje; Ni we nkinzo yanje n’uwo nizigira; Ni we angandurira abantu banje ngo ndabaganze.


Uhoraho, Mana Nyen’ uguhōra, Mana Nyen’ uguhōra, kayangana.


Kuko guhangama azokwama ahangamye gushitsa ah’ azoshirira abansi biwe bose musi y’ibirenge vyiwe.


Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.


Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe, Uhoraho n’abe ari we azokumpōra; arik’ ukuboko kwanje ntikuzogukorako.


Nuko mugenzi, Uhoraho ni yamara kugushitsakw ivyiza vyose yakuvuzeko, akaguhindura segaba w’Abisirayeli,


Bukeye Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yambūranye, akankūrakw ibitētērwa Nabali yari yanteye, agatako jewe umusavyi wiwe akambuza gukora icaha; kand’ inabi ya Nabali Uhoraho akayimusubiza ku mutwe. Hanyuma Dawidi atuma kuri Abigayili kumuresha ngw amucūre.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ