N’Imana igitandara canje; ni we nzohungirako. Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’ umunara wanje wo guhungiramwo, n’ubgugamo bganje; Ni wewe Mukiza wanje, unkiza umuryano w’abantu.
Uhoraho n’inkomezi zanje n’indirimbo yanje, Ampindukiye agakiza. Uwo ni we Mana yanje, nanje ndamuhimbaza; Ni yo Mana ya data, nanje ndayishira hejuru.