Kand’ abantu bazokwinjira mu masenga yo mu bitandara, no mu vyobo vyo mu kuzimu, bahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi.
aje mu masenga yo mu bitandara, no mu bihoro vyo mu bitandara nyene, ahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi.
Kandi naho bokwinyegeza ku mpinga ya Karumeli, na ho nzobarondera mbanyegurureyo; canke naho bokwihisha inyonga zanje i bgina mu kiyaga, aho na ho nzogomora inzoka ibakomorereyo.