Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Wankijije indwano z’abantu banje, Waranzigamye ngo nganze amahanga; Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:44
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwami agonda imitima y’Abayuda bose nk’ uw’ umuntu umwe; baca bamutumako ngw agaruke bo n’abantu biwe bose.


Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.


Maz’ uwo mugore aja mu bantu bose ajanye inama y’ubgenge; na bo baragenda baca izosi Sheba mwene Bikuri, bashiburira Yowabu umutwe wiwe. Na we araheza avuza inzamba, abantu bose bava ku gisagara, baratandukana, umuntu wese ataha i we. Yowabu na we atabarukira i Yerusalemu i bgami.


Nuko haba intambara kumara igihe kirekire hagati y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi; Dawidi agenda arushiriza kuba agahambaye, arikw ab’ inzu ya Sauli bo bagenda bashira inkomezi.


Bukeye imiryango yose y’ Abisirayeli ija i Heburoni kwa Dawidi, baramubarira, bat’ Ehe rāba, tur’ akara kamwe n’amaraso amwe.


Izocira imanza mu mahanga, Ihuzuze imivyimba; Izomenagura imitwe mu bihugu vyinshi.


Wankijije indwano z’abantu, Wangize ūganza amahanga, Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.


Nsaba, nzoguha amahanga, az’ abe umwandu wawe, N’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe.


Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga.


Rāba, uzohamagara ihanga utazi, kandi n’iryari ritakuzi rizokwirukirako, kubg’ Uhoraho Imana yawe, no kubg’ Uwera w’Abisirayeli, kukw azoba aguhaye icubahiro.


Kukw ihanga n’ubgami bitazokwemera kugukorera bizohona; ni koko ayo mahanga azogesezwa rwose.


Nabaririkijwe n’abatānyibaza; nabonywe n’abatāndondeye; nabariye ihanga ritāmbaje izina ryanje, nt’ Ehe rāba, ndi hano.


Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Ni jewe nzomwibibira mu gihugu; kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantubanje, nti Mur’ abantu banje; na bo bazovuga, bat’ Ur’ Imana yacu.


Kandi Yesaya na we yaravuze, ati Hazobah’ igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.


Nk’uko yavugiye mu kanwa ka Hoseya, it’ Abatār’ abantu banje nzobita abantu banje, Kand’ ūtār’ inkundwakazi nzomwita inkundwakazi.


Uhoraho azobagira umutwe, ntazobagira umurizo; muzokwama mur’ abo hejuru, ntimuzoba abo hasi, ni mwumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera uyu musi, mukavyitondera mukabishitsa,


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ