Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.
Maz’ uwo mugore aja mu bantu bose ajanye inama y’ubgenge; na bo baragenda baca izosi Sheba mwene Bikuri, bashiburira Yowabu umutwe wiwe. Na we araheza avuza inzamba, abantu bose bava ku gisagara, baratandukana, umuntu wese ataha i we. Yowabu na we atabarukira i Yerusalemu i bgami.
Ni jewe nzomwibibira mu gihugu; kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantubanje, nti Mur’ abantu banje; na bo bazovuga, bat’ Ur’ Imana yacu.