Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu wo kw isi, Ndabasiribanga nk’umwavu wo ku nzira, ndabashwiragiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:43
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina rya rurangiranwa, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.


Kuk’ umwami w’i Siriya ata co yasigarije Yehowahazi mu ngabo, atar’ abagendera ku mafarasi mirongwitanu, n’imikogote cumi, n’ abagendesha amaguru ibihumbi cumi; abandi yari yarabaranduye, abahindura nk’umukungugu wo ku mbuga.


Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu utumurwa n’ umuyaga, Mbata nk’umwavu ku nzira.


Babe nk’umuguruka utumurwa n’umuyaga, Kand’ umumarayika w’Uhoraho abirukane.


Nzomutuma gutera ihanga rikora ibizira, kand’ ubgoko ndakiye nzomugera kubunyaga, agigimvye inyagano, abasiribangire hasi nk’ivyondo vyo mu nzira.


Wagwije ihanga, Uhoraho we, wagwije ihanga; urashemagizwa: wunguye imbibe zose z’igihugu.


Ni nde yavyukije ūva i burasirazuba, akāma anesha ukw ashingūye ikirenge? Amugomoreye amahanga, amuha kuganza abami, ayagomorera inkota yiwe iyahindura nk’umukungugu, n’umuheto wiwe uyahindura nk’ibishingwe bikubebga n’umuyaga.


Nahagurukije umuntu avuye i burārūko, kand’ araje; uwambaza izina ryanje avuye i burasirazuba: azokāta abaganza nk’ūkāta urwondo, canke nk’uk’ umubumvyi akāta ibumba.


Nukw icuma n’ibumba n’umuringa n’ifeza n’izahabu bica bimenagurikira rimwe, bicika nk’umuguruka wo ku mbuga basekurirako mu ci; umuyaga urabitumura, maz’ aho vyahora ntihaba hakiboneka: maz’ iryo buye ryikubise kur’ ico gishushanyo ricika umusozi munini, ryuzura isi yose.


Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.


Abo bazomera nk’abahizi mu rugamba, basiribangira abansi babo mu vyondo vyo mu nzira; bazorwana, kuk’ Uhoraho ari kumwe na bo: kand’ abagendera ku mafarasi bazomāramāra.


Yemwe! Yemwe! Ni muhunge muve mu gihugu c’i burārūko, ni k’Uhoraho agize; kuko nk’ukw ibirēre bine vy’ijuru vyītangūranye, ari ko nabasābagije, ni k’Uhoraho agize.


Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


Nari mmaramaje kubashwiragiriza kure, Nkazimanganya ukwibukwa kwabo mu bantu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ