42 Bārēraguje, babura ūbakiza; Batakambiye Uhoraho, ntiyabishura.
Mbeg’ Imana yokwumva ugutakamba kwiwe, Ivyago iyo bimuteye?
Ni ho bazontakambira, ariko sinzobishura; Bazondondera ubudahumeka, ariko ntibazombona:
Ni mwatega amaboko yanyu nzobahisha mu nyonga hanje; mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza: amaboko yanyu yuzuyekw ibitenga vy’amaraso.
Kur’ uwo musi umuntu azotumbera Umuremyi wiwe, kand’ amaso yiwe azoyashira ku Wera w’Abisirayeli.
Kandi ntazotumbera ibicaniro, ivyo yubatse n’amaboko yiwe, ntazoshira amaso ku vyo intoke ziwe zakoze, canke ku nkingi bashingira Ashera n’izo bashingira izuba.
riti Mwana w’umuntu, vuga, ubarire abakuru b’Abisirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Mbega mwazanywe no kugira ico munsiguza? Ndahiye ukubaho kwanje, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze, nta co nzosiguzwa namwe.
Maze namwe har’ igihe muzotakambira Uhoraho, ntabishure, mber’ azobahisha mu nyonga hiwe ico gihe, nk’uko namwe mwagize nabi mu vyo mwakoze.
Arikw asiguje Uhoraho, ntiyagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.