39 Narabatobekeranije, ntibābasha kuvyuka; Mbere bāguye musi y’ibirenge vyanje.
Wankenyeje inkomezi ngo ndwane, Abarwanizi banje wabamaze igabo.
Nuk’ umwami agera ko bimba amabuye manini‐manini y’igiciro kinini, kugira ngw itanguriro ry’iyo ngoro ryubakishwe amabuye abājwe.
Uhoraho yabariye Umwami wanje, at’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe.
Nakinagije abansi banje, ndabahamvya, Sinatabaruka badaheze.
Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.
Kandi muzosiribanga abanyakibi; bazoba umunyota musi y’ibirenge vyanyu ku musi nzoshinga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
Nuko bamaze kubakūrayo, babashīra Yosuwa; Yosuwa ahamagaza abantu bose b’Abisirayeli, abarira abagabisha b’ingabo bajanye na we, ati Ni muze, mukandagire ku mazosi y’aba bami. Nuko baraza, babakandagira ku mazosi.