33 Imana ni yo buhungiro bganje bukomeye; Irōngōra umugororotsi mu nzira yayo.
Aravuga, at’ Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’umurokozi wanje,
Mbeg’ ukugororoka kwawe kurahimbara Īshobora vyose? Canke se gutunganya ingeso zawe har’ ico biyungura?
Nzokwitondera kugendera mu nzira itunganye: Uzoza aho ndi ryari? Nzokwama ngendana mu nzu yanje umutima utunganye.
Amaso yanje azoba ku bizigirwa bo mu gihugu, kugira ngo tubane: Ūgendera mu nzira itunganye, ni we azonkorera.
Hahirwa abagenda batunganye, Bakagendera mu vyagezwe vy’Uhoraho.
Ni yo Mana inkenyeje inkomezi, Igatunganya inzira yanje.
Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikīngira ubugingo bganje, ni nde azonca ivutu?
Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, Nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.
Imana ni yo buhungiro bgacu n’inkomezi zacu, N’umufasha atabura guseruka mu magorwa.
Uhoraho n’inkomezi zanje n’indirimbo yanje, Ampindukiye agakiza. Uwo ni we Mana yanje, nanje ndamuhimbaza; Ni yo Mana ya data, nanje ndayishira hejuru.
ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.
Nzobaha gukomezwa nanje Uhoraho, na bo bazogendagendera mw izina ryanje, ni k’Uhoraho agize.
Arambarira, at’ Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke. Nuko cane‐cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko.
Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.
Ariko mweho muze mube abaroranye k’Uhoraho Imana yanyu.
Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.
ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.