Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.
Ni mubivuge, ni mubizane, mbere ni baje inama hamwe: ni nde yerekanye ivyo uhereye mu bihe vya kera? Ni nde yabimenyekanishije uhereye kera? Si jewe, Uhoraho? Kandi nta yindi Mana atari jewe, Imana igororotse kand’ Umukiza; nta yindi atari jewe.
Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.
Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.