Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikīngīra abamuhungirako bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:31
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’Imana igitandara canje; ni we nzohungirako. Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’ umunara wanje wo guhungiramwo, n’ubgugamo bganje; Ni wewe Mukiza wanje, unkiza umuryano w’abantu.


wabonye umutima wiwe kw ar’ uwo kwizigirwa imbere yawe, usezerana na we isezerano ryo kuzoha uruvyaro rwiwe igihugu c’Abanyakanani n’ic’ Abaheti n’ic’ Abamori n’ic’ Abaferizi n’ic’ Abayebusi n’ic’ Abagirugashi; kand’ iryo sezerano wararishikije kuko wama ugororoka.


Nuko rero ni munyumvirize, mwebge bantu bazi gutahura: Biragahera kw Imana yokora ivyaha, Īshobora vyose ko yokora ivy’ ukugabitanya.


Ijambo ryawe n’icuma kiramuye; Ni co gituma umusavyi wawe arikunda.


Amajambo y’Uhoraho n’icuma gihiye: Ameze nk’ifeza iramuriye mu ruganda rwo mw isi, Ivugutiwe ibihetangabo ndwi.


Uhoraho agororoka mu nzira ziwe zose, N’umunyabuntu mu bikorwa vyiwe vyose.


Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikīngira abamuhungirako bose.


Ndavuga rya jambo rishinzwe: Uhoraho yarambgiye, at’ Ur’ Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye.


Fata inkinzo nini na ntoya, Uhaguruke kugira ng’ untabare,


Mana, nkinzo yacu, ehe rāba: Witegereze mu maso y’Uwo warobanuje amavuta.


Izokubundikira mu moya yayo, Kand’ uzohungira musi y’ivyubi vyayo; Ukuri kwayo n’inkinzo n’icuma co kwīkīngiriza.


Ijambo ryose ry’Imana riravugutiwe: Ni yo nkinzo y’abayizigira.


Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ