30 Kukw ari wewe unshoboza gutera umuce w’ingabo, Kand’ ar’ Imana yanje inshoboza gusimba uruzitiro rw’ amabuye.
Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikīngīra abamuhungirako bose.
Igihe umwami Dawidi yaja i Yerusalemu n’ingabo ziwe gutera Abayebusi, ari bo bamye ar’ inyamo z’ico gihugu, Abayebusi baramubarira, bati Ntuzopfa ushitse ngaha, kuko naho boba impumyi n’ibimuga bokwiyamiriza! Kuko bari bibgiye, bati Dawidi ntiyoshobora gushika ino.
Kukw ari wewe unshoboza gutera umuce w’ingabo, Kand’ ar’ Imana yanje inshoboza gusimba uruzitiro rw’ amabuye.
Ariko mur’ ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze.
Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.