Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 N’Imana igitandara canje; ni we nzohungirako. Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’ umunara wanje wo guhungiramwo, n’ubgugamo bganje; Ni wewe Mukiza wanje, unkiza umuryano w’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:3
52 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Aburamu nko mu nzozi, riti Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impēra ikomeye cane.


Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikīngīra abamuhungirako bose.


Uhoraho yamaho; Igitandara canje gihimbazwe; Imana, Igitandara c’agakiza kanje, ishirwe hejuru:


Inkūra mu babisha banje: Mber’ unshira hejuru y’abampagurukira, Unkiza n’umuntu w’ikirara.


Umwami yimitse amugabira agakiza gakomeye, Agirira imbabazi umwami yimikishije amavuta, Ni Dawidi n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira.


Imana y’Abisirayeli yaravuze, Igitandara c’Abisirayeli yarambgiye, It’ Ūganza abantu mu bugororotsi, Agatwara yubaha Imana,


Imigabo y’umugorwa murayitētereza, Arik’ Uhoraho n’ubuhungiro bgiwe.


Uhoraho, nkiza abanyakibi: Undinde abantu b’ibirara.


Sakirimikibi ntazokomezwa mu gihugu: Ibibi bizohama umuntu w’ ikirara kugira ngo bimuhenebereze.


Uhoraho, nkiza amaboko y’ abanyakibi, Undinde abantu b’ibirara: Bagabiye kuraririza ibirenge vyanje.


Itegereze i buryo bganje, urābe ko har’ umuntu ampa ni rwere: Mbuze ubuhungiro; nta muntu ababaye ubugingo bganje.


Ni we ndonkeramw’ imbabazi, kandi ni we gihome kinkīngira, Ni we munara wanje muremure, n’umurokozi wanje; Ni we nkinzo yanje n’uwo nizigira; Ni we angandurira abantu banje ngo ndabaganze.


Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’ umurokozi wanje, N’Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako; Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara wanje wo guhungiramwo.


Kuko ku musi w’amagorwa azonzigama akampisha mw ihema ryiwe, Mu bgigobeko bgo mw ihema ryiwe ni ho azompisha; Azonshira hejuru, ampagarike ku gitandara.


Uhoraho ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje, Umutima wanje uhora umwizigira, ngatabarwa: Ni co gituma umutima wanje unezerwa cane, Kandi nzomutazirisha indirimbo yanje.


Yamara wewe, Uhoraho, ur’ inkinzo inkīngira, Ur’ icubahiro canje, ni wewe ushira hejuru umutwe wanje.


Ni wewe bgihisho bganje, uzondinda amagorwa, Uzonkikiza impundu z’uko ndokotse. Sela.


Imana ni yo buhungiro bgacu n’inkomezi zacu, N’umufasha atabura guseruka mu magorwa.


Uhoraho Nyen’ ingabo ari kumwe natwe, Imana ya Yakobo n’ubuhungiro bgacu. Sela.


Ni co gituma tutazotinya, nah’ isi yohinduka, Nah’ imisozi yoshingūrwa ikaja mw idamba ry’ibiyaga;


Uhoraho Nyen’ ingabo ari kumwe natwe, Imana ya Yakobo n’ubuhungiro bgacu. Sela.


Kuk’ uzoha umugororotsi umugisha: Uhoraho uzomukikiza imbabazi nk’inkinzo.


Mwami, ubayongobeze, uyoberanye indimi zabo: Kuko nabonye umuryano n’ intambara mu gisagara;


Ariko jeho nzoririmba inkomezi zawe; Mbere mu gitondo nzoririmba imbabazi zawe n’ijwi rirenga: Kuko wambereye igihome kirekire kinkīngira, N’ubuhungiro ku musi w’ amagorwa yanje.


Kuko wambereye ubuhungiro, N’igihome kirekire kinkīngira umwansi.


Mmeze nk’igitangaza kuri benshi: Ariko ni wewe buhungiro bganje bukomeye.


Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; Kand’ amaraso yabo azoba ay’ igiciro mu nyonga ziwe.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Mana, nkinzo yacu, ehe rāba: Witegereze mu maso y’Uwo warobanuje amavuta.


Mana, abibone barampagurukiye, Igitero c’abantu b’ibirara kirondera kunyica, Kandi ntibagushizek’ umutima.


Kand’ abazi izina ryawe bazokwizigira, Kuko wewe, Uhoraho, udahemukira abakurondera.


Kand’ Uhoraho azoba ubuhungiro bg’abadenderezwa, Azoba ubuhungiro mu bihe vy’amagorwa.


Uhoraho n’inkomezi zanje n’indirimbo yanje, Ampindukiye agakiza. Uwo ni we Mana yanje, nanje ndamuhimbaza; Ni yo Mana ya data, nanje ndayishira hejuru.


Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.


Ijambo ryose ry’Imana riravugutiwe: Ni yo nkinzo y’abayizigira.


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Kandi mur’ abo, uw’ ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’ inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.


Ni mubivuge, ni mubizane, mbere ni baje inama hamwe: ni nde yerekanye ivyo uhereye mu bihe vya kera? Ni nde yabimenyekanishije uhereye kera? Si jewe, Uhoraho? Kandi nta yindi Mana atari jewe, Imana igororotse kand’ Umukiza; nta yindi atari jewe.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


Kuk’ ukw ari ko ngize, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nti Rāba aha hantu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, mbikore mukibona mukiriho.


Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje:


Kand’ iduhagurukirije ihembe ry’agakiza Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo,


Ngw idukize abansi bacu n’amaboko y’abatwanka bose:


Azobaza, ati Mbeg’ imana zabo ziri hehe, Ca gitandara bāri bizigiye?


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibōbo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.


Arikw ineza y’Imana Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka,


uwo yaducuncuburiyeko kubga Yesu Kristo Umukiza wacu,


Kand’ ati Nzokwama ndayizigira. Kand’ at’ Ehe twe n’abana Imana yampaye.


Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.


Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ