29 Kukw ari wewe tara ryanje, Uhoraho; Uhoraho ni we yākira umwiza wanje.
Ariko Abishayi umwana wa Seruwiya aramutabara, asogota uwo Mufilisitiya, aramwica. Maz’ abantu ba Dawidi baramurahira, bati Ntuzosubira na mba kujana natwe mu ntambara, ntuz’ uhave uzimya itara ry’Abisirayeli.
Ngo Yamar’ uwo mwana wiwe azomuha umuryango umwe, ngo Kugira ng’ umusavvi wiwe Dawidi az’ ahorane itara imbere yiwe i Yerusalemu, ngo Wa murwa yitoranirije ngw ahashire izina ryiwe.
Igihe itara ryayo ryākira hejuru y’umutwe wanje, Umuco wayo ukancisha mu mwiza;
Abatunganye umuco ubākirira mu mwiza; Wākira umunyabuntu yuzuye imbabazi kandi w’umugororotsi.
Ni wewe uzodomeka itara ryanje, Uhoraho, Imana yanje, ni we yākira umwiza wanje.
Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikīngira ubugingo bganje, ni nde azonca ivutu?
Hariho benshi babaza, bati Ni nde azogira iciza atwereka? Uhoraho, utwakishirize umuco wo mu nyonga hawe.
Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.
Umuco urasira umugororotsi, Bo n’umunezero ku b’imitima itunganye.
Ni nde muri mwebge yubaha Uhoraho, akumvira ijwi ry’umushumba wiwe? Ūgendera mu mwiza, adafise umuco, ni yizigire izina ry’Uhoraho, kandi yisunge Imana yiwe.
Nzokwihanganira ubushangashirwe bg’Uhoraho, kuko namugararije, gushitsa ah’ azombūranira, akantsindira. Azonsohokana anshikane mu muco, nanje nzokwitegereza ukugororoka kwiwe.
Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.
Naje mw isi nd’ umuco, kugira ng’ ūnyizera wese ntaz’ agume mu mwiza.
Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.
Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.