Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Abacishijwe bugufi uzobakiza, Arikw igitsure cawe kiri ku bībone, kugira ng’ ubasubize hasi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:28
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.


Uhoraho, umutima wanje ntiwibona, kand’ amaso yanje ntiyishira hejuru; Kandi sinishira mu vyo ntagezwemwo, Canke mu bitangaza bindengeye.


Kuko nah’ Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku bafafara, Arikw abībone abamenyera kure.


Ndazi yuk’ Uhoraho azohagarikira impahazwa mu mibūrano, N’umukene azomuhagarikira mu manza.


Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.


Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.


Ijisho ry’agakēngērwe n’umutima w’ubgibone Bo n’itara ry’abanyakibi n’ icaha.


Kand’ agakēngērwe k’abantu kazosubizwa hasi, n’ubgibone bg’abahambaye buzocishwa bugufi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.


Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera w’Abisirayeli.


Abantu bazosubizwa hasi, abahambaye bacishwe bugufi, abībone bacurike amaso hasi:


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.


Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ