27 K’ūtanduye uzokwiyerekana ur’ ūtanduye; Ku ntabarirwa uzokwiyerekana ur’ ūdadika.
Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.
K’ūtanduye uzokwiyerekana ur’ ūtanduye; Ku ntabarirwa uzokwiyerekana ur’ ūdadika.
Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.
Azobona ibara, ūhāririza uwamuremye, kand’ ar’ akajo mu tujo two kw isi! Mbeg’ ibumba ryobaza ūrikw araribumba, riti Har’ ico wobumba? Cank’ igikorwa ukora covuga kw ata maboko ufise?
Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.
Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;
Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.