25 Ni co catumye Uhoraho anyishura ibikwiranye n’ukugororoka kwanje, Ibikwiranye n’ukutandura kwanje mu nyonga ziwe.
Uhoraho yangereye ibikwiranye n’ukugororoka kwanje, Nk’ukw amaboko yanje atanduye, ni ko yangiriye.
Salomo arishura, ati Wagiriye neza cane data, umusavyi wawe Dawidi, kuko yagendera imbere yawe mu vy’ukuri no mu vy’ukugororoka, agutunganiye mu mutima wiwe, kand’ ukaba waramugereye kuzomugirira neza cane nk’uku, ukamuha umwana wo kumusubirira ku ngoma, nk’uko bir’ uyu musi.
Rāba, umugororotsi azogererwa ibikwiranye na we mw isi: Non’ umunyakibi n’umunyavyaha ntibazorushiriza?
Kukw ingendo z’umuntu zir’ imbere y’inyonga z’Uhoraho, Kand’ asēna inzira ziwe zose.
Mubgire umugororotsi kw azomererwa neza, kukw azotungwa n’ivyo ibikorwa vyiwe vyāmūje.
Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.
Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.