Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Kuko nitondeye inzira z’ Uhoraho, Kandi sinakoze icaha co kureka Imana yanje:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:22
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.


Nuko nawe ni wagendera imbere yanje nk’uko so Dawidi yagenda, ufise umutima w’ukuri kand’ utunganye, ugakora ivyo nakugeze vyose, ukitondera amabgirizwa yanje n’amateka nashinze;


Hahirwa abagenda batunganye, Bakagendera mu vyagezwe vy’Uhoraho.


Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.


Hahirwa uwubaha Uhoraho wese, Akagendera mu nzira ziwe.


Ndagukunda, Uhoraho we, ni wewe nkomezi zanje.


Amagambo yo mu kanwa kiwe n’ukugabitanya n’ubugunge; Yaretse kugira ubgenge no gukora ivyiza.


None rero, bana banje, ni munyumve: Kukw abitondera inzira zanje ar’ abahirwe.


n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.


Mose araraka cane, asaba Uhoraho, ati Ntiwemere amashikanwa yabo; urazi kw ata we nanyaze indogoba n’imwe, canke ngo hagire n’umwe nagiriye nabi.


Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ