Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Uhoraho yangereye ibikwiranye n’ukugororoka kwanje, Nk’ukw amaboko yanje atanduye, ni ko yangiriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:21
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co catumye Uhoraho anyishura ibikwiranye n’ukugororoka kwanje, Ibikwiranye n’ukutandura kwanje mu nyonga ziwe.


Salomo arishura, ati Wagiriye neza cane data, umusavyi wawe Dawidi, kuko yagendera imbere yawe mu vy’ukuri no mu vy’ukugororoka, agutunganiye mu mutima wiwe, kand’ ukaba waramugereye kuzomugirira neza cane nk’uku, ukamuha umwana wo kumusubirira ku ngoma, nk’uko bir’ uyu musi.


nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, ugire ico ukora, ucire abantu bawe imanza, utsindishe uwakoze nabi, bimusubire ku mutwe, ucire umugororotsi urubanza, atsinde nk’ uk’ ukuri kwiwe kumeze.


Arik’ umugororotsi azokomerera mu nzira yiwe, N’ūfise amaboko yiziguye azokwama yunguka inkomezi.


Kandi ni vyo bibūrira umusavyi wawe; Kuvyitondera harimw’ impēra nini.


N’ūfise amaboko akeye n’umutima utanduye, Atigeze kwerekeza umushaha wiwe ku vy’ukubesha, Ntarahire ibinyoma.


Uhoraho acira amahanga imanza: Uhoraho, uncire urubanza rukwiranye no kugororoka kwanje, n’ukuri kuri muri jewe.


Rāba, umugororotsi azogererwa ibikwiranye na we mw isi: Non’ umunyakibi n’umunyavyaha ntibazorushiriza?


Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ