Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Aravuga, at’ Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’umurokozi wanje,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:2
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni nde Mana, atar’ Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’ Imana yacu?


Imana ni yo buhungiro bganje bukomeye; Irōngōra umugororotsi mu nzira yayo.


Imana y’Abisirayeli yaravuze, Igitandara c’Abisirayeli yarambgiye, It’ Ūganza abantu mu bugororotsi, Agatwara yubaha Imana,


Ni we ndonkeramw’ imbabazi, kandi ni we gihome kinkīngira, Ni we munara wanje muremure, n’umurokozi wanje; Ni we nkinzo yanje n’uwo nizigira; Ni we angandurira abantu banje ngo ndabaganze.


Kukw ari wewe gitandara canje n’igihome kinkīngira: Nuko kubg’ izina ryawe unje imbere, undōngōre.


Nzobaza Imana, igitandara canje, nti N’iki gitumye unyibagira? N’iki gituma ngenda ngandaye kubg’ agahahazo k’ abansi banje?


Umbere igitandara co kubamwo, aho nzoshobora kwama mpungira: Wangereye kunkiza, Kukw ari wewe gitandara canje n’igihome kinkīngira.


Ndabgira Uhoraho, nt’ Ur’ ubuhungiro bganje n’igihome kinkīngira, Imana yanje nizigira.


Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.


Nuko Sauli n’ingabo ziwe baja kumurondera, ariko Dawidi arabūrirwa; araheza aramanuka, aja ku gitandara co mu bugaragwa bg’i Mayoni, yigumirayo. Sauli avyumvise, akurikira Dawidi mur’ ubgo bugaragwa bg’i Mayoni nyene.


Nuko Sauli ahitana ingabo ibihumbi bitatu zitoranijwe mu Bisirayeli bose, baja kurondera Dawidi n’ingabo ziwe mu bitandara ah’ impene z’inyeshamba ziba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ