17 Atuma ukuboko ari hejuru, aramfata, Andoba mu mazi menshi.
Ankiza umwansi wanje akomeye, N’abanyanka, kuko bandusha inkomezi.
Uhoraho, ndagutakambiye nd’ i bgina:
Rāmvura ukuboko kwawe uri hejuru, Undohōre, undokore mu mazi menshi, Unkize ukuboko kw’abanyamahanga.
Atuma ukuboko ari hejuru, aramfata, Andoba mu mazi menshi.
Ni co gituma ūkwubaha wese akwiye kugusengera mu gihe wobonerwamwo: N’ukuri, iy’ amazi asendanishije yamaze iminyika, ntazomushikako.
Umwana amaze gukura, amushīra umukobga wa Farawo, acika umwana wiwe. Amwita Mose, ati N’uko namukūye mu mazi.
Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.
Amazi yarandenze ku mutwe; maze ndavuga, nti Ndapfuye.
Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi.