Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Uhoraho aturagara ari mw ijuru, Ūsumba vyose avugisha ijwi ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:14
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Canke se, unganya amaboko n’Imana? Woshobora guturagarisha ijwi nka yo?


kandi muzomubera ubgami, ubgoko bg’abaherezi, ihanga ryera. Ayo majambo abe ari yo ubgira Abisirayeli.


Kand’ Uhoraho azotuma ijwi ryiwe ry’icubahiro ryumvikana, azokwerekana ugukubita kw’ukuboko kwiwe mu bushangashirwe bg’uburake, no mu rubeya rw’umuriro utongora, no mu gusegenyuka kw’imvura n’ ikirura n’imināna y’urubura.


Kand’ uguhinda kw’amababa y’abakerubi kwarumvikana kugashika no mu ntangaro, kumeze nk’ijwi ry’ Īshobora vyose iy’ ivuze.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Inyenyeri zo kw ijuru ziratabara, Zirwanya Sisera zijanye inzira zazo.


Abarwanya Uhoraho bazovunagurika, Azoturagara ari mw ijuru, abakankamire. Uhoraho azocira imanza abo ku mpera z’isi; Kand’ azoha inkomezi umwami wiwe, Ashire hejuru ihembe ry’uwo yimikishije amavuta.


Samweli akirikw arosa ico kimazi, Abafilisitiya bēgereza Abisirayeli ngo bashireko, barwane. Arik’ Uhoraho kuri nya musi nyene aturikira hejuru y’ Abafilisitiya guturagara guhāmbāye, abaca umuhongo; Abisirayeli ni kwo kubanesha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ